UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA IGIHUGU C’UBURUNDI N’ABARUNDI YO KUWA GATATU NO KUWA GATANDATU (le 04/10 na 07/10/2017)

31a801e5-b01c-4d53-a239-db56f226c9b9-903-0000007478f9a440-17UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA IGIHUGU C’UBURUNDI N’ABARUNDI YO KUWA GATATU NO KUWA GATANDATU (le 04/10 na 07/10/2017)

Ihanga Ryera ry’Imana ABISEZERANO riratumiriye abarundi bose abari mugihugu n’abari hanze gusengera igihugu c’Uburundi no kwisengera kuriyo minsi. Mubutandukane bwo kwemera kwanyu, musabwe kwihana ivyaha, mugahinduka kugira ngo mwezwe kuko Imana yo mwijuru yabakunze kandi igomba kubagirira neza. Yesu Kristo ababere ubwirukiro bwanyu.

URUFATIRO: (Abaroma 12;1-21) Imana yaduhaye ibintu 6 vyo kugendana aho tugiye hose ( Urukundo, ugucabugufi, kugira imbabazi, ukwihangana no kuba umunyamahoro kuri bose) Muvyitwararike.

ICIYUMVIRO: “Kuja murusengero sikwo gucika agahore, umukristo canke umweranda kuko naho worara mwiraro ubuzima bwawe bwose ntuzigera ucika inka.” Kuja murusengero ni vyiza mugabo bisaba umuntu guhinduka muvyiyumviro, mu mutima no kumubiri.

IMIRONGO YO GUSOMA: Yohana 15:13, Mika 6:8, Matayo 6:14-15, Abigalatiya 6:9, Luka 6:38 na Abigalatiya 5:22

ICO MPWEMU AHISHUYE: Ngo bazobabaza ngo ni kubera iki musenga? Ngo Muzobishure muti niko Uhoraho Imana ya Aburahamu, Dawidi ikaba na Se w’umwami wacu Yesu Kristo yadutegetse.

IMITWARO: Tuzosengera ibikorwa vyose vy’Ihanga Ryera ry’Imana ABISZERANO, abarundi bataramenya Imana ngo bakire agakiza, n’abantu bose bari mu bibazo bitandukanye.

Ni dusangwe Imana, Uburundi n’Isezerano

Bigiriwe I Bujumbura le 03/10/2017

http://www.abisezerano.com