đ IBIBI BIZOZA MU GIHE C’IHEREZOđ2TIMOTEYO 3: 1_2_3_4_5_6_7_8_9.
1.Arik’umenye yuko mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye.
2.Kukw abantu bazoba bikunda gusa,bakunda amahera,birarira,bibona,batukana,batumvira abavyeyi,intashima,abanegura IVY’IMANA,
3.badakunda n’ababo,banka kwuzura,barementanya,batigarura,inkazi,badakunda ivyiza,
4.abaguranyi,ibirandamuke,abikakisha,bakunda ibibahimbara bakabirutisha IMANA.
5.bafise ishusho yo kwubaha IMANA,ariko bahakana ubushobozi bwakwo:abameze bartyo wame ubatera ibitugu.
6.Kuko muri bo hari mw’abagabo banyingetera mu mazu,bagatwara abagore batagira imitima,baremerewe n’ivyaha,batwarwa n’ukwifuza kw’uburyo bwinshi,
7.bama biga,ariko nta ho bashobora gushitsa ku kumenya ukuri.
8.Nk’uko YANE n’a YAMBURE barwanije MOSE,ni ko n’abo bagabo barwanya ukuri,abo n’abononekaye ubwenge,babaye ibihombe ku kwizera.
9.Mugabo ntibashobora kurengaho:kuk’ubusazi bwabo buzogaragarira abantu bose,nk’uk’ubwa ba bandi bwagaragayeđAMENđYESU ADUSHOBOZEđ