Rwanda: Diane Rwigara yagirizwa n’ubutegetsi bwa Paul Kagame kugumuka.

Diane Rwigara avuga ko ahamwa kubera imvo za politike

Ubushikirizamanza bwagiriza umugore atavuga rumwe n’ubutegetsi, Diane Rwigara, ivyaha vyo kugumuka ku butegetsi bw’u Rwanda.

Yagirijwe ivyo vyaha ari kumwe na nyina, Adeline Rwigara, hamwe n’uwo bavukana Anne Rwigara.

Diane Rwigara yarakuwe ku rutonde rw’abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu kwezi kwumunani.

Prezida Paul Kagame yarasanzwe ari ku butegetsi yatsinze hafi n’ibice 99%, aho vyavuzwe ko amatora yabayemwo ubusuma, ivyo bihakanwa n’ubutegetsi.

Diane Rwigara yagirijwe gukora ivyegeranyo vya magendo.

Mu minsi iheze, yavuze ko ariko arahamwa ku mvo za politike « mu kuba agwanya agahotoro, agaserura ico yiyumvira ».

Ntihasiguwe neza icatumye yegekwako ivyo vyaha vyo kugumura abanyagihugu.