
Yahoo ivuga ko habaye ubusuma ku makonte imiriyaridi 3 mu mwaka wa 2013
Yahoo ivuga ko habaye ubusuma ku makonte imiriyaridi 3 mu mwaka wa 2013.
Iyo kompanyi yaguzwe na Verizon muri uyu mwaka, ivuga ko amatohoza yerekanye ko ubwo busumba bwo kuri internet bwari bukomeye cane gusumba uko vyahora.
Ariko mu nkuru zibwe ntiharimwo iza banki.Imbere y’aho, Yahoo yari yavuze ko amakonte arenga imiriyaridi zari zinjiwemwo n’abasuma.
Yahoo yaguzwe n’ikompanyi ikomeye yo gutumatumanako amakuru yo muri Amerika, Verizon, mu kwezi kwa gatandatu mu 2013.
Ayo masezerano yashizwe ahabona mu mwaka uheze igihe iyo kompanyi ubu iri mu ngorane yemera kugurisha igice kinini cayo kiri ku mbuga ngurukanabumenyi na Verizon ku miriyaridi 4.8.
Ayo mahera yaramanutse gushika ku miriyaridi 4.5 z’amadorali igihe Yahoo yatangaza ko yatewe n’abasuma ba internet mu mwaka wa 2013 na 2014.