Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore yari mu nama nshingamateka

Imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka kuri uno wa kane igenekerezo rya 5 Gitugutu 2017, ashikiriza ivyaranguwe mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka mu gisata c’ubutunzi n’imibano, Joseph BUTORE amenyesha ko amafaranga imiriyaridi 348,9 yinjiye, mu gihe mu mwaka uheze hinjiye imiriyaridi 305,6 muri ico kiringo nyene.

Joseph BUTORE amenyesha ko ayo mafaranga yiyongereyeko ayashika imiriyaridi 43,3 n’ukuvuga ibice 14,2 kw’ijana ata handi yavuye atari mu makori yatojwe mu bisata bitandukanye, harimwo igisata c’igitoro.

Mu bijanye no kugenzura ingene ibikorwa vyakozwe, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu avuga ko ivyigwa 14 vyakozwe kandi n’ivyegeranyo bihuye navyo vyamaze gusohoka mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka.