Abantu bashika kuri bane bahasize ubuzima igihe indege yakorokera mu kiyaga hafi y’ikibuga c’indege ca Abidjan, umurwa mukuru wa Cote d’Ivore.Abo bane bahasize ubuzima ni abo mu gihugu ca Moldova; abandi benshi bakomeretse harimwo abanyagihugu b’Abafaransa.
Amajana y’abantu baje kuraba iryo sanganya bari buzuye ku mucanga uri hafi y’aho ryabereye, mu gihe abajejwe gutabara bariko barakura ingenzi muri iyo ndege.Iyo ndege yari itwaye ibikoresho vy’abasirikare b’Ubufaransa.
Igisirikare c’Ubufaransa gifise ikigo hafi y’ikibuga c’indege ca Abidjan, gikoreshwa nk’ububiko bw’ibikoresho vyifashishwa mu gikorwa co kurwanya abarwanyi ba ki Islam mu bihugu bibanyi vya Cote d’Ivoire.