Abarwanyi b’Abashia bashigikiye leta ya Irake babwiye BBC ko imirwano yadutse hagati yabo n’abarwanyi b’aba Peshmerga bamuka muba Kurde i Kirkuk.Muri iyo mirwano, buri ruhande rwagiriza urundi kuba ari rwo rwatanguye.
Gushika mu minsi iheze, bose bari bafise umwansi umwe, umugwi wiyita Leta ya Islam, canke IS.
Uruhagarara rubandanya kwiyongera i Kirkuk, umuji wafashwe n’aba Kurde mu 2014 kugira ntugwe mu minwe y’abarwanyi ba IS.
Leta ya Irake ishaka gusubirana uwo muji, hamwe n’amasoko y’ibitoro yose awurimwo.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi, Jim Mattis, yahamagariye impande zombi kwibanda ku kurwanya abarwanyi ba ki Islam aho gusubiranamwo.