Ihanga ry’Imana ABISEZERANO ryipfurije abarundi bose n’aba kristo bose bakorana dimanche nziza, umunsi w’Imana mwiza.

Hariho abantu bahagarara mubutagondwa bwabo bagakora impari zidahera ku munsi wukuri wo gusenga. Twebwe Abisezerano Imana yaduhishuriye gusenga iminsi yose uko yakabaho.

Hariho abandi bahagarara ku mirongo ya bibiliya bamwe bakayisigura uku abandi bakayisigura kuriya. Ntabapfe ubusa kuko ukugororoka nti kuri kumunsi w’koraniro kuri mumutima w’umuntu, mubikorwa vyiwe no mugusgisha mu ngira ivyo Imana yamuhishuriye.

Kubwivyo umwe wese kuco yabariwe n’Uhoraho tumuha icubahiro ciwe. Ni muri iyo ntumbero Ihanga ry’Imana , umuhari Abisezerano twipfuriza aba kristo bose bakorana gusenga Dimanche kurushaho kwiyegereza Imana. Umunsi w’Imana mwiza kuri mwese.