Imibiri yacu ni ingoro za Mpwemu Yera.

🌈 Imibiri YACU N’INGINGO ZA KRISTO🌈1 AB’I KORINTO 6:12_13_14_15_16_17_18_19_20.

12.Vyose ndavyemererwa,ariko si vyose bingirira ikimazi.vyose ndavyemererwa,ariko sinzoganzwa n’ikintu nakimwe.

14.Ivyo kurya n’ivy’inda,n’inda n’ivyo kurya;yamar’IMANA izobikuraho vyompi.Ariko, Imibiri yacu,s’iyo gushakana,mugabo n’iyumwami wacu,kand’umwami n’uw’imibiri yacu.

14.Kand’IMANA yazuye Umwami,natwe nyene izotuzurisha ubushobozi bwayo.

15.Ntimuzi yukw Imibiri yanyu ar’ingingo za KRISTO?None ntore ingingo za KRISTO,ndazihindure ingingo z’umusambanyikazi?Biragahera.

16.Ntimuzi yuk’uwimatanya n’umusambanyikazi aba ar’umubiri umwe na we?Kuko yavuze,iti Bompi bazoba umubiri umwe.

17.Arik’uwimatanije n’umwami wacu aba abaye impwemu Imwe na we.

18.Muhunge ubushakanyi.Icaha cose umuntu akora s’ic’umubiri,arik’ushakana aba acumuye ku mubiri wiwe.

19.Ntimuzi yukw Imibiri yanyu ar’insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebwe,uwo mufise,avuye ku MANA ?Kandi si mwe mwiganza,

20.kuko mwaguzwe igiciro.Nuko rero,mushimishe IMANA mu mibiri yanyu.👏AMEN👏