Somalia: Abahitanywe n’ibisasu i Magadishu bamaze kurenga 85

Igitigiri c’abantu bimaze kumenyekana ko bahitanywe n’ibisasu bibiri ejo kuwa gatandatu ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadishu, kimaze kurenga mirongo itanu.Icegeranyo kimwe c’igipolisi kivuga ko abahasize ubuzima bashobora kuba baruta cane ico gitigiri.

Uwagavye ico gitero ntaramenyekana, ariko igitigiri c’abapfuye gituma iki gitero kiba ica mbere mu vyahitanye abantu benshi kuva aho umugwi w’abarwanyi ba ki Islam, Al Shabaab, utanguriye ibitero kuri leta ya Somalia mu 2007.

Mu gitero ca mbere, ikamyo yaturikiye mu karere k’amasanganzira kazwi nka K5, ahantu hari ibiro vyinshi vya leta, amahoteli, uburiro hamwe n’ubuguriro, vyose bikaba vyarononywe n’igisasu.

Haciye amasaha abiri, ikindi gisasu caturikiye muri karitiye ya Medina.