đYESU. YIGISHA ABIGISHWA BIWE GUSENGAđLUKA 11:1_2_3_4_5_6_7&8_9_10_11_12_13.
1.Maz’ar’ahantu,asenga;ahejeje,umwe mu bigishwa biwe aramubwira,ATI mugenzi,twigishe gusenga,nk’uko YOHANA yigishije abigihwa biwe.
2.Arababarira,ati Nimwasenga,muvuge Muti Data,izina ryawe ryubahwe,ubwami bwawe buze.
3.imisi yose uduhe Ivyo kurya vyayo.
4.uduharire ivyaha vyacu,kuko natwe duhebera Abari n’imyenda yacu Bose;kandi ntutujane mu nitwosha nabi.
5.Arababwira,ATI Ni nde murimwebwe afise incuti yoja i we mugicugu,akayibwira,ATI ncuti yanje,ngurana udutsima dutatu,
6.kuko haje incuti yanje ivuye kurugendo,nanje ntagira ici ndayirondara.
7.uwo munzu yomwishura,ATI sigaho kungora,namaze kwugara,kandi turi kimwe n’abana banje ku Bururi,sinshoboye kuvyuka ngo ndaguhe.
8. Ndakubwire:Nah’atovyurwa nk’ukw ar’incuti yiwe ngw ayimuhe,ariko kukw atagize isoni zo kumuhambira,aravyuka,akamuha ivy’agomba vyose.
9.Nanje ndababwire MUSABE MUZOHABWA,MURONDERE MUZORONKA,MURAMUTSE MUZOKWUGURURIRWA.
10.KUK’USABA WESE AHABWA;URONDERA ARONKA;URAMUTSA YUGURURIRWA.
11Kandi ni nde muri mwebwe w’umuvyeyi,umwana wiwe yomusaba umutsima,akamuha ibihe,canke yomusaba ifi,akamuha inzoka.
12.canke yomusaba irigi,akamuha sikoropiyo?
13.None mwebwe,KO muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi,mbega so wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye?đAMENđ