Ijambo ry’Imana: “Iki kiyaya kigiye kwuzura amazi” 

Igisomwa: 2Abami 3:17; Kukw’arik’Uhoraho agize ngo Nta muyaga muja kubona canke ngo mubone imvura, ngw’arik’iki kiyaya kizokwuzura amazi,munywe mwebwe ubwanyu, mushore n’ivyo mushoreye, n’inyumbu zanyu.18 Kand’ivyo s’ikigoye k’Uhoraho; mber’azogabura n’Abanyamowabu mu maboko yanyu.>
Aya majambo atwereka ingene Umwami w’Abisirayeli Yehoramu yariko aritegurira urugamba rwo gutera Abanyemowabu, biba ngombwa ko asiguza Uhoraho kugira ngo amenyeko Imana izojana nabo mur’iyo ntambara, maze Elisa niko kuvugishwa mur’ayo majambo duhejeje kwumva.

Nawe urashobora kuba uhanzwe n’intambara,amageragezwa, ubukene, kuburanirwa n’ibindi, uravye imbere yawe ukahabona ubugaragwa, Uhoraho agiye gutembesh’amazi mur’ico kiyaya cawe kand’ivyo s’ikigoye k’Uhoraho, amen.

Dusenge: Mana Muremyi wacu, mfasha kubw’imbabazi zawe, kubw’ibihe n’amageragezwa ngenda ncamwo, mpa kugendana nawe, ugwish’imvura muriki kiyaya kugira nshobore guhembuka, undongore uzonshikane ku ntsinzi amahoro, ndabisavye mw’Izina rya Yesu Kristo Amen