Ivyasezeranywe tubironkeshwa no kwizera

🌈IVYASEZERANYWE TUBIRONKESHWA N’UKWIZERA🌈ABAROMA 4:13_14_15_16_17_18_19_20_21_22_23_24_25.

13.Kukw atari kubw’ivyagezwe Aburahamu yasezeraniwe cank’uruvyaro rwiwe’yukw azorarw isi yose,ariko ni kubw’ukugororoka kuva ku kwizera.

14.Abizigira ivyagezwe iyo baba ari bo bararwa,ukwizera kuba kwarahindutse ubusa,ivyasezeranywe bikaba bititutse.

15.Kukw ivyagezwe bizana uburake,arikw ah’ivyagezwe bitari,nta gicumuro kiba kiriho.

16.Ni co gituma ivyo vyavuye ku kwizera,ngo bibe ivy’ubuntu;kugira ngo ku ruvyaro rwa Aburahamu rwose,ivyasezeranywe bize vyame bihamye,atar’ ah’ivyagezwe gusa,ariko n’ab’ukwizera kwa Aburahamu,ni we sogokuruza wa twese.

17.mu nyonga z’iyo yizeye(nk’oko vyanditzwe,ngo nkugize sekuruza w’amahanga menshi) ni yo MANA,izura abapfuye,kandi yita ibitariho nk’ibiriho.

18.Aburahamu yizera yizigiye ibitokwizigiwe,ngw Abe sekuruza w’amahanga menshi,nk’uko vyavuzwe,ng’uruvyaro rwawe ni ko ruzongana.

19. Kandi ntiyagabanukak’ukwizera,yitegereje umubiri wiwe umaze kuba akaheze,kuko yar ‘amaze imyaka nk’ijana y’amavuka yiwe,na Sara yari yaraciye.

20.Ariko yiyumviriye ic ‘IMANA yamusezaraniye,nti yakekeranishwa no kutizera,arikw aremeshwa cane no kwizera,ahesha IMANA icubahiro.

21.amenya neza adakekeranya yukw ico yasezeranye ishobora no kugikora.

22.Ni co catumye bimuharurwako nk’ukugororoka.

23.Ariko ntivyandikiwe we wenyene yuko vyamuharuweko nk’ukugororoka,

24.Ariko no kubwacu,bizoduharurwako nkakwo,kuko twizeye Iyazuye YESU Umwami wacu imukuye mu bapfuye,

25.yatangiwe ibicumuro vyacu,akazurwa kugira ngo dutsi ndanishirizwe.🙏AMEN🙏