Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwatakaje amafaranga bwahora bahabwa n’ikigega c’isi yose

Josiane NIJIMBERE, Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA

Mw’ikete Muganga Josiane NIJIMBERE yarungikiwe na Mark Eldon Edington, umukuru w’igisata kijejwe izo mfashanyo zitangwa n’ikigega « Fond Mondial de Lutte contre le Sida, la Tuberculose et le Paludisme », umushikiranganji w’Uburundi ajejwe amagara y’abantu yamenyeshejwe ko ubwo bushikiranganji arongoye butazosubira kuhabwa ayo mafaranga kuva mu ntango z’umwaka uza w’2018. Ayo mafaranga azohabwa ishirahamwe PNUD, igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe iterambere.
Nk’uko biri muri iryo kete, iyo ngingo yafashwe kubera amafaranga atangwa muri ubwo bushikiranganji ariko ntakoreshwe, aho bagatanga akarorero k’imiriyoni zigera kuri 30 z’amafaranga y’abanyamerika zitarakoreshwa mu gihe umwaka w’2017 wimirije guhera. Ubwo bushikiranganji bwagirizwa kandi ko budatanga n’ivyegeranyo vy’ingene amafaranga aba yakoreshejwe, ivyo bikagira ingaruka ku mfashanyo zotanzwe mu mwaka ukurikira, kuko amafaranga y’uwundi mwaka aca ateba gusohoka, nk’uko muri ico kigega c’isi kijejwe kurwanya Sida, igituntu na Malariya babimenyesha.

Amafaranga agera ku miriyoni 72,3 z’amafaranga y’abanyamerika yohawe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira akoreshwe mu migambi y’ukurwanya Sida, igituntu hamwe na Malariya mu kiringo co kuva mu 2018 gushika mu 2020 akaba ariyo agiye kuzoca ahabwa ishirahamwe PNUD.
Ikigega c’isi kijejwe kurwanya izo ngwara zitatu catanguye gufasha ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kuva mu mwaka w’2003, amafaranga y’abanyamerika agera ku miriyoni 275 akaba ariyo amaze gutangwa. Ayo mafaranga yafashije gukurikirana abarwayi ba Sida bagera ku 51726 bari ku miti ipfupfahaza, kugura ibikoresho vy’ugusuzuma bigezweho, kugura imiduga n’ibindi.

Ikigega c’isi « Fond Mondial de Lutte contre le Sida, la Tuberculose et le Paludisme » kivuga ko irico cahora kigura ibice 83 kw’ijana vy’imiti ya SIDA, ibice 100 kw’ijana vy’imiti y’igituntu hamwe n’ibice 80 kw’ijana vy’imiti ya Malariya.

Muri ico kigega bamenyesha ariko ko ibimaze gukorwa bidashimsha ico kigega baravye ihangiro, kubera igipfungu kiri mw’ikoreshwa ry’ayo mafaranga hamwe n’amasoko atangwa mu kinyegero.