Ubutumwa mushikirizwa na Anselme, Nyawita, Yaragwira.

Matayo 3: 9Mwoye kw i yumvira mu mitima, muti Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababwira yukw’ aya mabuye Imana ishobora ku yavyuramw’ abana ba Aburahamu.

 I VYA YESU NA LAZARO.

Yohana 11: 1-2.

Harih’ uwar’ arwaye, ni Lazaro w’ i Betaniya, ni wa musozi Mariya na mwene nyina Marita ba bako. 2 Uwo Mariya ni we yasize Umwami Yesu amavuta atamirana ku birenge, amuhanaguza umushatsi wiwe: uyo Lazaro yar’ arwaye ni we musaza we.

Yohana 11: 17- 44.

17 Nuko Yesu ashitse asanga amaze imisi ine mu mva. 18 I Betaniya hari hafi y’ i Yerusalemu nka stadiyo 1 cumi na zitanu. 19 Nukw’ Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya ku birura kubwa musaza wabo. 20 Nuko Marita yumvise ko Yesu aje, aragenda aramusanganira; ariko Mariya asigara yicaye mu nzu. 21 Marita abwira Yesu, ati Mugenzi, iy’ u ba wari hano, mu sazanje ntaba ya hwereye. 22 Kandi n’ u bu ndazi kw’ i vyo wosaba Imana vyose, Imana yo biguha. 23 Yesu aramubwira, ati Musazawe azozuka. 24 Marita aramwishura, ati Ndazi kw’ a zozuka mw’ i zuka ryo ku musi w’ i herezo. 25 Yesu aramubwira, ati Ni jewe kuzuka n’ u bugingo. U nyizera n’ i yo yoba yarapfuye, azobaho; 26 Kand’ uriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Urizeye ivyo ? 27 Na we at’ Ego me Mugenzi, nizeye k’ u ri Kristo, Umwana w’ Imana, umwe wo kuza mw’ isi.

28 Avuze ivyo, asubira inyuma, yonjorora Mariya, mwene nyina, at’ Umwigisha ari hano, araguhamagaje. 29 Na we avyumvise, ava hasi n’ ingoga, aja ah’ ari. 30 Yesu ntiyaribwashike mur’ i yo mihana, ariko yar’ a kiri ha handi aho Marita ya musanganiriye. 31 Bun’ A bayuda bari kumwe na Mariya mu nzu bamwirura, ba bonye avuye hasi n’ i ngoga, asohotse, baramukurikira, bagira ngw’ a giye kuririra ku mva. 32 Mariya ashitse aho Yesu ari, amubonye, yi kubita imbere y’ i birenge vyiwe, ati Mugenzi, i y’ u ba wari hano , musazanje ntaba ya hwereye. 33 Yesu abonye kw’ a rira, n’ A bayuda bari kumwe na we barira, agira ikigumbagumba mu mutima, arawuhagarika, 34 arababaza, ati Mwamutaye hehe ? Bati Mugenzi , ngwino urabe. 35 Yesu ararira. 36 Abayuda baravuga, bat’ Eh’ i ngene ya mukunda. 37 Ariko bamwe muri bo baravuga, bati Mbeg’ u yo ya humuye amaso y’ i mpumyi, ntiyoshoboye kubuza uyo ngo ntapfe ?

38 Yesu yongera kugira ikigumbagumba mu mutima, ashika ku mva; kandi yar’ i senga yugajwe ikibuye. 39 Yesu aravuga, ati Ni mukureh’ i ryo buye. Marita mushiki w’ u wapfuye, aramubwira, ati Mugenzi, ereg’ u bu aramaze kunuka, kw’ a maze imisi ine. 40 Yesu aramubwira, ati Sinakubwiye nti Ni wizera urabona ubwiza bw’ Imana ? 41 Nuko bakurah’ i kibuye. Buno Yesu ararangamiza, ati Data, ndagushima ko wanyumvirije. 42 Jewe nari nsanzwe nzi k’ u nyumviriza ubudasiba, ariko mbivugishijwe n’ i shengero rihagaze ngaha, kugira ngo bizere kw’ a ri wewe wa ntumye. 43 Amaze kuvuga ivyo, asemerera n’ i jwi rirenga, ati Lazaro, ngwino, sohoka. 44 Uwari yapfuye arasohoka, azingiriwekw’ i mpuzu ku maguru no ku maboko, n’ i gitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababwira, ati Ni mu muhamburure, mu mureke, agende.

Yohana 11: 5- 6

5 Kandi Yesu yarakunda Marita na mwene nyina na Lazaro. 6 Nuko yumvise kw’ a rwaye, asibira aho hantu yar’ ari imisi ibiri.

Yohana 11: 11- 16

11 Amaze kuvuga ivyo, arababwira, ati Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura. 12 Nukw’ a bigishwa baramubwira, bati Mugenzi, asangw’ a sinziriye, azokira. 13 Yamara Yesu yavuga urupfu rwiwe, ariko bo bagira ngw’ a vuga kuruhuka kwo gusinzira. 14 Buno Yesu avuga abifoboye, ati Lazaro yahwereye; 15 ariko ku bwanyu ndanezerewe ko ntariyo, kugira ngo muze mwizere; noneho ni muze tuje iy’ a ri. 16 Toma ari we Hasa abwira abigishwa bagenzi biwe, ati Ngo tugende, dupfane na Yesu.

Amahoro. Shalom