Inama nshingamateka ya Afrika y’epfo yatanguje amatohoza yerekeye igiturire cinshi kivugwa muri reta.Abavugwa muri ico giturire n’abategetsi bakuru vyitezwe ko bitaba inama nshingamateka kugira bavuge ivyo bazi.
Iki gihe ntikigiye kworohera abantu bakomakomeye mu gihugu ca Afrika y’epfo.
Vyitezwe ko abashikiranganji, abagwizatunga, umwana wa prezida hamwe n’ivyabona bahamagarwa imbere y’abashingamateka bariko barakurikira ikibazo c’ibiturirw muri Afrika y’epfo.
Binuganugwa ko umuryango umwe w’umugwizatunga Gupta, ariko yahora ifise ico ivuga kubahabwa ibibanza bikomeye muri reta, kugira baze baratsindira vyoroshe amasoko ya reta
Uwo muryango wa Gupta urahakana wivuye inyuma ivyo wagirizwa co kimwe na somambike wawo prezida Jacob Zuma.
Mu gihe hariko hararonderwa uwuzosubirira prezida Zuma mu kibanza ca prezida, aya matohoza ashobora kugira inkurikizi zikomeye.