Hashinzwe imisi 3 y’ikigandaro kubahitanywe n’umuriro muri Portugal

Igihugu ca Portugal cashinze imisi itatu y’ikigandaro kuva ku musi wa kabiri, mu kwibuka abahitanywe n’umuriro mu gihugu cose.Abashika 36 bapfuye inyuma y’aho imiriro amajana n’amajana yadukiye mu turere two hagati no mu buraruko ku musi wa Mungu no ku wa mbere.

Uwo muriro watanguriye ahashushe uza kwongerezwa imiyaga y’igihuhusi ca Ophelia cazananye mw’ibahari Atlantique.

Igitigiri kinini c’imiriro catumye Portugal itangaza ibihe bidasanzwe mu turere two mu buraruko bw’uruzi Tagus- aho igice kinini kigize ico gihugu.

Umushikiranganji wa mbere Antonio Costa yasohoye itangazo aho yavuze ko ari imiriro ya mbere ikaze kuva mu 2006.

Yavuze ko reta arongoye izokorana ku musi wa gatandatu kugira ifate ingingo ku vyokorwa kugira birindi mwene iyo miriro inyuma y’iyahitanye abantu 64 mu kwezi kwa gatandatu.

« Inyuma y’uyu mwaka, ibintu bitegerezwa kuzohinduka, » ni ko yavuze.Imiriro yo mu kwezi kwa gatandatu yatumye haba ukwinuba uko igihugu ca Portugal kiba citeguye.

Imvura yarafashije kuzimya iyo miriro ku musi wa mbere ku mugoroba, ariko iyirenga mirongo ibiri yagumye yaka ijoro ryose, nk’uko bishikirizwa n’abategetsi ba Portugal.