“ Uburundi ntibuzoguma mu marira, amaganya, abenegihugu bicwa, bangazwa, barenganywa kandi bakenye bakama batungwa agatoke n’amakungu kuko vyamye kuva kera” Umutumiro w’amasengesho yo gusengera igihugu.

Barundi barundikazi namwe mwese mwemera Imana yo mw’Ijuru. Turabatumiriye amasengesho yo gusengera igihugu tumazemwo imyaka itatu yama atunganywa kuwa gatatu (Mercredi 18/10no kuwa gatandatu (Samedi 21/10) Musengere Uburundi Bushasha bw’Isezerano.
URUFATIRO

Semerera, vuza ingoma, vuza inzamba kugira ngo abarundi bumve kandi batahure yuko Imana, Uhoraho yakunze ihanga ry’abarundi kandi ashaka yuko bose bihana kagira ngo atabare igihugu c’Uburundi. 

IBISOMWA

-Daniel 11:32 “ Abakora ibibi vyo kurwanya Isezerano azobazimirisha akarimi keza; ariko abantu bazi Imana yabo bazoshikama bakore ibikomeye “

– Zaburi 49:11-13; Abaroma 4:8; Yobu 20:4-7

INDIRIMBO ZIZORIRIMBWA

Cantique ya 36, ya 39, ya 49, ya 68, na 277

IVYO MPWEMU YERA AHISHUYE

-Uburundi ntibuzoguma mu marira, amaganya, abenegihugu bicwa, bangazwa, barenganywa kandi bakenye bakama batungwa agatoke n’amakungu kuko vyamye kuva kera. Bigiye kurangira.

– Abantu benshi barumvise ubuhanuzi bw’Isezerano barabunebagura nk’ubuhanuzi bw’umwuzure bwo mugihe ca Nowa. Abandi babugize igikinisho babugira ikiginisho maze bakavuga bakanandika ivyo bigeneye kumihora. Imana igiye gutandukanya ukuri n’ikinyo maze ibamaramaze.

IMITWARO 

-Musengere umurongozi w’Ihanga ry’Imana ry’Abarundi- Abisezerano mu bikorwa arimwo.

– Musengere intwari zose z’Ihanga ry’Imana ry’Abarundi-Abisezerano ( Abarongozi mu bikorwa bitandukanye, ingabo, urwaruka, abakenyezi n’abemera isezeranobose)

– Musengere imitwaro yibonekeza aho muherereye mutibagiye impfuvyi, abapfakazi, abapfunzwe, impunzi, abashonje n’abarara rubunda.

Ni dusangwe Imana, Uburundi n’Isezerano.

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 17/10/2017.

http://www.abisezerano.com