Mu rwandiko CNARED yasohoye, bagiriza umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA ko kuva mu kwezi kw’indwi ariko akoranya imigambwe itavuga rumwe na Reta hamwe n’iyicuditse na Reta, ayisaba kwumvikana ingene ikibazo ca poritike c’Uburundi cotorerwa inyishu, mu biganiro vyobandaniriza mu Burundi.Kubwa CNARED, nk’uko bivugwa na Karori NDITIJE arongoye urwo runani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura, umugambi w’umuhuza NDUWIMANA si uwo gutorera inyishu ibibazo vya poritike y’Uburundi, ahubwo ni uwo gukumira abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu nyishu zotorwa ku bibazo vya poritike y’Uburundi.
Muri CNARED bavuga ko biyamiriza ivyo biriko birakorwa n’umuhuza NDUWIMANA, bagasaba Benjamin William MKAPA hamwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ko botakwemera ibiriko bisabwa n’umuhuza Edouard NDUWIMANA.
Mu biro vy’umuhuza w’Abarundi ntaco barashikiriza kuri ivyo vyagiriza Edouard NDUWIMANA, umuhuza w’Abarundi.
Tubibutse ariko ko mu nama mpuzamakungu y’abahuza bo muri Afrika, yatunganijwe n’urwego rw’umuhuza mu Burundi kw’igenekerezo rya 6 Mukakaro 2017, umuhuza Edouard NDUWIMANA yavuze ati : « Nk’uko mubizi kw’isi hariho amatati, ariko iyo hageze kuyatorera inyishu bikora ku bahoze ari abakuru b’ibihugu canke abahoze ari abashikiranganji ba mbere kandi muri ivyo bihugu n’ahandi hari abahuza. N’abo bahabwa gutora inyishu z’amatati ugasanga ari abanyeporitike. »
Umuhuza Edouard NDUWIMANA yamenyesheje muri iyo nama ko yipfuza ko urwego rw’abahuza rwogira uruhara rukomeye kugira ahabaye amatati bahabwe igikorwa ubwa mbere c’ukwumvikanisha impande zitavuga rumwe canke zishamiranye.
« Dusaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ayandi mashirahamwe ko hageze gutora umuti w’ibibazo kw’isi ko bokwikora ku rwego rw’abahuza. »
Urwego rw’umuhuza mu Burundi rwashizeho mu mwaka w’2010, ariko umuhuza wa mbere w’Abarundi akaba yatanguye amabanga ashinzwe mu mwaka w’2011. Umuhuza wa mbere w’Uburundi yabaye Mohamed RUKARA wo mu mugambwe CNDD FDD yahejeje ikiringo ciwe c’imyaka itandatu. Yasubirijwe na Edouard NDUWIMANA nawe nyene wo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, yari asanzwe ari icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka imbere y’uko agenwa n’umukuru w’igihugu, yongera yemezwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi.