Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru caremeshejwe kuri uwu wa kabiri itariki 17 Gitugutu 2017, umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko kuva mu kwezi kwa Mukakaro gushika mu mpera za Nyakanga, umutekano mu mihingo yose y’igihugu wiyongereye bishimishije.
Uwo mushikiranganji amenyesha ko ububisha bukomakomeye bwagabanutse cane, agatanga uburorero, nk’ibisasu ntezwantoke (Grenades) vyatewe vyavuye ku gitigiri c’indwi (7) mu kwezi kwa Mukakaro, bija kuri 1 mu kwezi kwa Nyakanga. Ukunyuruzwa abantu vyavuye ku gitigiri ca 17 mu kwezi kwa Gitugutu bija ku gitigiri ca 1 muri Nyakanga. Harakozwe amasakwa arenga ibihumbi 3, inkoho zigera kuri 17 zo mu bwoko bwa Karachnikov zirafatwa, ama « Pistolets », amasasu ashika ku majana 9. Ibiro bishika 12000 vy’urumogi vyafashwe, ibiti 129 vy’urumogi vyaturiwe, hamwe n’inzoga zitemewe n’amategeko zirenga amaritiro 200000 zasheshwe.
Mu gisata co kurwanya ibiturire, umushikiranganji w’Umutekano yamenyesheje ko amatoni 40 y’ikawa n’amatoni 17 y’ubutare yafatiwe mu rudandazwa rudaciye mu mategeko.
Mugisata co gukinga impanuka, ibisasu, inkoho amabombe n’ama mine vyarasambuwe.
Mugisata c’ubutunzi, umushikiranganji yamenyesheje ko amafaranga agera kuri 4.900.000.000 yinjiye mu kigega ca Reta biciye mu bikorwa bihurikiye mu bushikiranganji bw’umutekano.