Impanuro yo kutava k’ubuntu bw’Imana

🌈 IMPANURO YO KUTAVA KU BUNTU BW’IMANA🌈ABAHEBURAYO 12:14_15_16_17.14.Mukurikire kugiriranira amahoro n’abantu Bose,n’ukwezwa,kuk’utejejwe atazoraba Umwami;

15.mwizigame,ntihagire umuntu adashikira Ubuntu BW’IMANA,kandi ntihagire umuzi wo kurura umera,ukabahagarika imitima,abenshi bakandura.

16.ntihabeh’umushakanyi,cank’igihumane nka Esau,yaguranye ivyo kuba samurarwa kwiwe ingaburo imwe.

17.Kuko muzi yuko hanyuma,hamwe yagomba kurarwa umugisha,atemerewe,kukw atabonye uburyo bwo kwihana,naho yawurondera cane arira.

24. Mwegereye n’a YESU,umuhuza ahesha isezerano risha,mwegereye n’amaraso acucagirwa,avuga ivyiza kurusha aya ABELI.

25.Mwirinde ntimwanke kwumva iyirikw iravuga.ba bandi ko batakize,hamwe banka uwababuriye mw isi,tweho tuzorushiriza cane kudakira,na mba dutera ibitugu Iyituburira iri mw ijuru.

26.Ijwi ryayo ryanyiganyigije isi ico gihe:Ariko noneh’irasezeranye,iti hasigaye rimwe,ngatigitisha isi gusa,ariko n’ijuru n’a ryo.

27Iryo jambo,ngo hasigaye rimwe,ryerekana gukurwaho kwibinyiganyizwa,kukw

Ar’ivyaremwe,kugira ngw ibitoshobora kunyiganyizwa bigumeho.

28.Ni co gituma,kuko twakira ubwami budashobora kunyiganyizwa,dukwiye gukenguruka,kugira ngo tubone ingene dukorera IMANA tuyihimbare,tuyubaha tuyitinye.

29.kukw IMANA yacu ar’umuriro utongora.👏AMEN👏