Human Rights Watch irega igisirikare c’u Rwanda gukubagura impfungwa
Abanyepolitike bo mu Rwanda biyamye icegeranyo c’ishirahamwe ry’agateka ka zina muntu, HRW, mu majambo akaze cane ku buryo butamenyerewe.
Muri ico geceranyo iryo shirahamwe rivuga ko igisirikare c’u Rwanda gipfunga abantu ku buryo buteye kubiri n’amategeko, kikanabakubagura.
Inama nshingamateka na nkenguzamateka zakoraniye hamwe biyamiriza HRW banahakana ivyagiriji vyayo.
Kwirukanwa mu Rwanda
Bamwe mu bashingamateka badondaguye ivyo HRW yakoze birtyoza u Rwanda bavuga ko bitari bikwiye kwihanganirwa.
Hari n’uwavuze ko iryo shirahamwe ryari rikwiye kwirukanwa mu Rwanda nk’uko na BBC (Gahuzamiryango) yihirukanywe.
Umuyobozi wa HRW, Kenneth Roth, yavuzwe ko ari « imbwa y’Interahamwe », umugwi wari ugizwe n’Abahutu bitwara bwa gisirikare, wagirizwa kugira uruhara runini muri jenoside mu Rwanda mu 1994.
Mu cegeranyo, HRW yavuze ko impfungwa zakubaguwe mu gukubitwa, kwugarwa impemu, gusanisha n’uko bagire bazice hamwe no kuzishira ku muyagankuba.