


Abaserukira amadini y’abakatolika , abappprotestanti n’aba Isilamu mu burundi barahuriye i Arusha muri Tanzaniya kumagenekerezo y’a 16, 17 na 18 zuku kwezi mu nama yiswe iyo kwihweza ingene abarundi n’amakungu bokomeza amahoro mu burundi.
Mugusozerara iyo nama abaserukira amadini barateye igikumu ku rwandiko barungikiye amakungu rurimwo ingingo zofatwa kugira ngo ibintu bisubire mu buryo. Tuzobigarukako hanyuma.
Ku ruhande rumwe, Abarundi bafatanije n’abanyamahanga baguma bashakisha uko amahoro yoboneka kurundi ruhande narwo bagategura intambara. Aho nyene muri Tanzaniya haravurwa ifatwa ryabaserukira umuhari Forebu-FFP Ntiranyibagira na Shimirimana , mbere bikavurwa yuko boba banashikirijwe na Leta y’uburundi.