Rumonge : Umupfungwa yishwe arashwe n’umuporisi

Uwo yishwe avuka ku musozi Rutumo, zone Minago, intara ya Rumonge, akaba yahora apfunzwe yagirizwa ubusuma bukabije, nk’uko mu giporisi bavyemeza, bakavuga ko kuri uwu wa gatandatu, nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, uwo yishwe yagerageje gutoroka agasho, umuporisi yari arinze ahapfungirwa abantu aca aramurasa.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Petero NKURIKIYE yemeza ko amatohoza yatanguye.