Yesu atuma abigishwa biwe mumahanga

🌈YESU ATUMA ABIGISHWA MUMAHANGA YOSE🌈MATAYO 28:16_17_18_19_20.

16.Maze ba bigisha cumi n’umwe baja i Galilaya ku musosi YESU yabarangiye;

17.Bamubonye,baramusenga,ariko bamwe barakekeranya.

18.YESU arabegera,arababwira,ati jewe nahawe ububasha bwose mw ijuru no mw isi.

19.Nuko ni mugende,muhindure amahanga YOSE ABIGISHWA,mubabatiza mw izina rya DATA watwese n’iry’umwana n’irya Mpwemu Yera.

20.Mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.Umva,ndikumwe namwe imisi yose,gushitsa ku muhero w’isi.👏AMEN👏Ubu hatumwe wewe nanje kora igikorwa w’IMANA🙏