Bubanza : Umwe mu banyororo baserukira abandi yafashwe ariko agura inkoho

NDIKUMANA Samuel yari asanzwe apfungiwe muri iryo bohero rya Bubanza yafatiwe hanze y’ibohero kuri uwu wa gatandatu, akaba yafashwe ariko aharura amafaranga ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi (50 000 Frs Bu) yashaka kuriha uwumuzaniye inkoho yo mu bwoko bwa « Pistolet. »
Inyuma y’ugufatwa hamwe n’ukwumvirizwa n’igiporisi, uwo yariko agurisha iyo nkoho yamenyesheje ko uwo munyororo NDIKUMANA Samuel yari yamutumye inkoho zitandatu zo mu bwoko bwa « Pistolet », hamwe na Gerenade zitandatu nyene, ariko yari yabaye arazana iyo nkho imwe yaronse.

Umunyororo NDIKUMANA Samuel yafatiwe hanze y’ibohero asanzwe ari mu banyororo baserukira abandi, abo bita aba « Généraux », abo nabo bakaba bashobora gusohoka ibohero, bakidegemvya uko bashaka, bakongera bakigarukana bonyene mw’ibohero.

Mu giporisi mu ntara ya Bubanza bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kuri ico caha c’ukugura n’ukugirisha inkoho.