
Général-major Jérémie Ntiranyibagira umukuru w’umuhari FPB wahora witwa FOREBU na Lieutenant-Colonel Édouard Nshimirimana icegera c’umukuru wa FPB
Abandi babiri bafatanwe n’izo ndongozi za FPB yahoze ari FOREBU ni Libère Nzeyimana batazira Mahopa, hamwe Liberata wo mu buserukizi bw’uwo muhari mu gihugu ca Tanzaniya. Nk’uko vyemezwa n’umuhari FPB, izo ndongozi zine zafatiwe i Ngara mu gihugu ca Tanzaniya, hafi y’urubibe Uburundi buhana na Tanzaniya, ku ruhande rw’intara ya Muyinga.Amakuru atangwa n’uwo muhari avuga ko abo bantu bafashwe n’igendereza rya Tanzaniya ryakoranye n’igendereza ry’Uburundi. Ayo makuru abandanya avuga ko Général-major Jérémie Ntiranyibagira umukuru w’uwo muhari, Lieutenant-Colonel Édouard Nshimirimana icegera ciwe, hamwe n’abo bandi babiri barungitswe mu Burundi, bikavugwa ko boba bashikirijwe ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana uwutwara igendereza i Muyinga.
Ayandi makuru atangwa n’abegereye uburongozi bw’umuhari FPB amenyesha ko abo bafashwe bari basigaye batumvikana n’umushingamateka Hussein RADJABU yoba arondera uburongozi bwa FPB bufiswe na Général-major Jérémie Ntiranyibagira. Ayo makuru abandanya avuga ko mw’ifatwa ry’abo bantu hoba harimwo uruhara rwa Hussein RADJABU.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, asanzwe ariwe avugira n’igendereza ry’Uburundi ntiyemeza, kandi ntahakana ayo makuru. Petero NKURIKIYE avuga ko ivyabereye ku butaka bwa Tanzaniya vyobazwa indongozi z’ico gihugu.
beau blog. un plaisir de venir flâner sur vos pages. une belle découverte. un blog très intéressant. je reviendrai. N’hésitez pas à visiter mon blog. au plaisir
J’aimeJ’aime
Merci
J’aimeJ’aime