Kenya : Papa Francois yahamagiye abakenya kuja mu biganiro 

Papa François abishikirije inyuma y’imisi mike abasenyeri ba Ekleziya bo mu gihugu ca Kenya bateye akamo abanyeporitike bose kwishimikiza igisabisho nk’ikigwanisho, kugira ishaka hamwe n’urukundo kuri bagenzi babo bose kugira batsimbataze amahoro.Umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta yaheruka gusaba abanyagihugu bose bo mu madini yose gusengera ukunywanisha ,amahoro hamwe n’ubutungane mu gihugu.

Tubibutse ko abanyakenya bazosubira kuja mu matora igenekerezo rya 26 gitugutu 2017 aho umukuru w’abatavugarumwe na Reta Raila Odinga yamenyesheje ko atazoyitaba .