Umutumiro w’amasengesho y’iyindwi yo gusengera umugambi w’Imana ku Burundi.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA RY’ABISEZERANO YO KUWA 25/10 NA 28/10/2017.
Barundi mwese namwe abisezerano mwese, turabaramukije amahoro ava ku Mana tuti SHALOM!

Nkuko Uhoraho Imana yacu yabidutegetse, ku misi (Mercredi na Samedi) twama dufise amasengesho yo gusengera Umugambi w’Imana k’Uburundi, gusengera abarundi bose n’uBurundi bushasha bw ‘ isezerano; turabatumiriye ayo masengesho.

« IMANA IGIYE KWIHESHA ICUBAHIRO MU BURUNDI KANDI ABARI UMUBIRI BOSE BAZOBIBONA »

I. Urufatiro : « Twizere kugira dushikire ivyo twasezeraniwe » (Abaroma 4:13-25);

II. Inyigisho : 

  -Nimba warasezeraniwe izere;(itanguriro 17:19)

– kura gukekeranya mu bugingo bwawe kuko ntakinanira Imana(itanguriro 18:15)

★ :indirimbo : 126;39;249; 210

III.IVYOMPWE YERA YAHISHUYE:

1. Abantu benshi bataye umutwe barondera uko babaho kuko batazi uko bari bubeho baguwe neza . Ni bashire ivyizigiro vyabo ku Mana birabire utwumiza.

2. Abantu benshi bataye ukwizera kubera uguteba kw’amasezerano. Nibagire ukwizigira kuko ugutabarwa kurashitse babone ivyo basezeraniwe.

3. Abantu bacumujwe n’akamanyu k’umutsibwama kukwanka kurindira ico Imana ikora kuvyo yasezeraniye ihanga bagiye gukorwa n’isoni.

IV. ICO USABWA KUGITI CAWE 

1. Igigwa kure icaha n’igisa naco maze wirabire ugutabagwa n’Imana kugushikeko.

2. Iyambure ubwoba bwose umenye yuko Imana iri kumwe nawe, uhagarare mukugororoka.

3. Usenge nkuko Daniel yabikora aho yari yajanywe kwinyagano I Babuloni 

IV. IMITWARO

1.Gusengera ihanga n’abarigize bose ;gushika kubagwaye, impfuvyi, abapfunzwe; n’abapfakazi.

2 .Gusengera abari mungendo zitandukanye z’ibikorwa vy’Ihanga ry’Imana mubasabira uburinzi n’ukuroranirwa ;

3 . Gusabira abakozi b’Imana bose, kuva ku barongozi, abadiyakoni n’avavugishwa nayo barindwe kandi bongerwe inkomezi;

Tubaye turabashimira kukigoro k’amasengesho muzogira kuri iyo minsi ibiri . 

Ni Dusangwe IMANA-BURUNDI N’ISEZERANO .

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 23/10/2017http://www.abisezerano.com