EAC : Abakuru b’ibihugu bagiye guhurira mu mwiherero i Kampala

Uwo mwiherero w’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko bitegekanijwe ko uzotangura kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo 2017 i Kampala ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubuganda.
Amakuru ava mu begereye ibiro vy’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko amenyesha ko uwo mwihorero ufise intumbero kandi yo kurabira hamwe ukwo hokwongerezwa inguvu mu gushika kw’ihangiro ry’iterambere ry’ishirahamwe gushika mu mwaka wa 2063.

Muri iyo nama, bitegekanijwe ko abantu barenga 1000 aribo bazoba bitavye ,abo nabo bakaba bagizwe n’abashikiranganji, abafasha hamwe n’abandi, izobamwo kandi umwiherero w’abakuru b’ibihugu, habemwo kandi inama ya mbere y’ishirahamwe EAC izokwiga k’ubudandaji mu bijanye n’amagara y’abantu,ibiganiro hagati y’abanyamitahe n’abafasha mu gisata c’amagara y’abantu hamwe n’ihayanishwa mpuzamakungu.

Mw’itangazo ry’Ubunyamabanga bwa EAC,iryo shirahamwe rimenyesha ko iyo nama ku bijanye n’amagara y’abantu kazoba akaryo ko gutorera inyishu ikibazo c’indwara zibandanya kwibonekeza mu karere ka Afrika y’Ubuseruko nka malariya, umugera wa Sida n’igituntu, ibibazo vyugarije amagara y’abana n’abavyeyi, indwara zitandukira nk’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, indwara y’igisukari, kansere n’izindi ziterwa n’ihindagurika ry’ibihe.

Ubunyamabanga bukuru bwa EAC bumenyesha ko uwo mwiherero uzokwiga kandi ingene imigambi yoshirwa mu ngiro biciye mu gushiraho poritike igenga iyo migambi,kurondera amafaranga akenewe hamwe no gutorera inyishu ikibazo c’inzitizi zotuma iyo migambi itaja mu ngiro,kuko imigambi myinshi ishitse ku rugero rwo gutangura kuja mu ngiro.

Imyiherero itatu y’abakuru b’ibihugu vya EAC niyo imaze gutunganywa, mu ntumbero yo gushira akarere hamwe,guteza imbere ubutunzi n’imibereho myiza y’ababa mu karere. Umwiherero wa mbere wabaye mu mwaka wa 2008,uwa kabiri mu mwaka wa 2012,uwuheruka wabaye mu mwaka wa 2014.