Genda mubwire abahagaritse imitima yabo muti rema, abarushe n’abaremerewe muti araje kubaruhura

MUBWIRE ABAHAGARITS’IMITIMA,MUTI REMAIjambo ry’Imana Yesaya 35:3_4,

3.Mukomeze amaboko areganutse,mugumishe amavi aregarega.

4 <Mubwire abahagaritse imitima, muti Rema,nta co mutinya: raba; Imana yanyu izozanana n’uguhora,ni kwo kwitura kw’Imana; izoza ibakize.Amen>

Yemwe abadendebukiwe mu rugendo amaboko yanyu areganuwe n’umwiheburo uva kuri wa murwanizi satani, na mwebwe mwese muhagaritswe umutima n’ivyo mwumva hamwe n’ivyo mubona; Ni mwumve uko Uhoraho Imana Umuremyi w’isi,ijuru n’ikiyaga,arabitangaje ngo:<Rema.>

Dusenge; Uhoraho Bwirukiro,Wewe utazigera uhindagurika na rimwe,ivy’uvuga vyose n’ukuri kuko utivuguruza na rimwe,mfasha ufashe abarundi bose kurema, wongere uremeshe abakwubaha mu mpande zose z’isi, ugorore ukuboko kwawe,ngwino ugaragaze ukwera kwawe, ni mw’Izina rya Yesu Kristo ndabisavye, amen.