Muri iyo nama nshikiranganji, Reta y’Uburundi irasuzuma kandi icegeranyo yahawe n’umurwi w’igihugu ujejwe ivyohinduka mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.
Abagize Reta y’Uburundi barigira hamwe n’ivyosabwa kugira umunyeshure wo muri Kaminuza y’Uburundi ahabwe ingurane (Pret-Bourse), hamwe n’ingene abo banyeshure bazoriha iyo ngurane bazoba bahawe.
Ivyavuye muri iyo nama idasanzwe y’abashikiranganji, turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.