đIVYIZIGIRO VY’UMUGOROROTSIđIMIGANI 10:22_23_24_25_26_27_28_29_30_31_32.
22.Umugisha w’UHORAHO uratungisha,Kandi nta mubabaro awuvangamwo.
23.Gukora ikibi ni nk’ibihimbaro ku gipfu,kand’ubwenge ni ko bumerera umuntu atahura.
24.Ico umunyakibi atinya kizomushikako,Arikw ico umugororotsi yipfuza azokironka.
25.Agashururu kamaze guhita umunyakibi ntaba akiboneka,Arik’Umugororotsi n’ibuye ry’itangiriro ryamaho.
26.Nk’ukw’inkevya imerera amenyo,kandi nk’ukw imyotsi imerera amaso,ni k’umunyabute imerera abamutumye.
27.Ukwubaha UHORAHO kurarambisha,Arikw imyaka y’abanyakibi izogerurwa.
28.Ivyizigiro Vy’abagororotsi n’umunezero,Arikw ivyo y’abanyakibi bishimiye bizoshira.
29.Inzira y’UHORAHO n’igihome gikingira umugororotsi,Ariko n’amahonero ku bakora ivy’ukugabitanya.
30.Umugororotsi nta ho azosegenyeshwa,Arikw abanyakibi ntibazohora mu guhugu.
31.Akanwa k’umugororotsi gatengengera ivy’ubwenge,Arik’ururimi rudadika ruzocibwa.
32.Iminwa y’umugororotsi izi ibishimwa,Arikw akanwa k’abanyakibi kavuga ibidadi.đAMENđ