Mu ntumbero yo gushira mu ngiro ibiri mw’ikete umurwi wigenga utegura amatora CENI wandikiye urwego CNC rujejwe kugenzura ibinyamakuru n’abamenyeshamakuru,urwo rwego rumenyesha ko rwisunze ko ibihe vy’amatora bidasanzwe n’uruhara rudasanzwe rw’ibinyamakuru mu gihe c’amatora,rwibutsa ibinyamakuru kuronsa k’urugero rumwe abitoza akaryo ko gukoresha ibinyamakuru vyigenga canke ivya Reta.
Mu kiganiro icegera c’umukuru w’urwego CNC akaba n’umuvugizi warwo Aimee Divine NIYOKWIZIGIRWA yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 gitugutu 2017,yavuze ko ibinyamakuru vyibukijwe ko babwirizwa kwubahiriza ibwirizwa nshingiro,ibwirizwa rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru n’ayandi mabwirizwa yose agenga igihugu.
Muri ico kiganiro,urwego CNC rusaba kandi abamenyeshamakuru kugendera ingendo y’intwaro rusangi mu kwubahiriza ubwigenge bwo kumenyesha amakuru n’ibinyamakuru,gushikiriza inkuru zatohojwe neza kandi zidahengamye.
Urwego CNC rugasaba ibinyamakuru kwirinda inkuru zityoza,amacakubiri y’urukoba ,ivyagiriji bitagira ishingiro,ivyiyumviro bifatiye ku ntara ,ku bwoko,ku ntara kw’idini vy’uwiyamamaza canke ku bayoboke biwe.
Aimée Divine NIYOKWIZIGIRWA,icegera c’umukuru w’urwego CNC akaba n’umuvugizi
Urwego CNC rusaba kandi ibinyamakuru kwirinda inkuru zifatiye kuri poritike ishingiye ku binyoma,kuryosharyosha abantu babakangurira kutisunga amategeko.
Mwomenya ko umukenguzamateka Martin MBAZUMUTIMA agiye gusubirizwa mu matora azoba kw’igenekerezo rya 7 munyonyo 2017.