Abo bantu binjiye mu Burundi baciye ku Gisuru mu ntara ya Ruyigi, ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya.
Abahungutse bagizwe n’imiryango 172, irimwo abagabo 239 hamwe n’abagore 239. Bose ni abo mu ntara ya Ruyigi.
Abajejwe intwaro muri iyo ntara bemeza ko abo bantu bahungutse ku gushaka kwabo.