Iryo sanganya ryabaye mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, nk’igihe c’isaha zitatu z’agatondo.
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko iyo modoka (Jeep) yunguruza Général Alain Guillaume BUNYONI yataye ibarabara igeze muri komine Mabanda, intara ya Makamba. Muri iryo sanganya, iyo modoka yagonze abantu bane bariko bariyunguruza n’amaguru kuri iryo barabara rya Mabanda.
Umwe muri abo bantu yaciye yitaba Imana aho nyene, babiri barakomereka bikomeye, umwe nawe akomereka bisanzwe.