Murakwiriye kwihanganira ibibaherageza kuko impera irahari kuwihangana

🌈IVY’UKWIHANGANIRA IBIGERAGEZO🌈YAKOBO 1:12_13_14_15_16_17_18.

12.Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza,kuko ni yamara kurama azohabwa igitsibo c’ubugingo,ico IMANA yasezeraniye abayikunda.

13.Umuntu ni yageragezwa gukora ibibi,yoye kuvuga ngw ‘IMANA ni yo ingarageje.Kukw IMANA itageragezwa n’ibibi,kandi n’a yo nta we ibigerageresha.

14.Arik’umuntu wese ageragezwa,iy’akwezwe n’ivyo yipfuza bikamusuka.

15.Maz’ukwo kwifuza gutwara inda,kukavyara icaha,icaha kimaze gukura kikavyara urupfu.

16.Ntimuzimire,bene Data nkunda.

17.Gutanga kwose kwiza,n’ingabire YOSE itunganye rwose biva mw ijuru,vyururukabiva kuri se w’imico,adashobora guhinduka canke kugira igitutu gitewe n’uguhindagurika.

18.Nk’uko yabigabiye ubwayo,yatuvyarishije ijambo ry’ukuri,kugira ngo tube nk’umushuzo w’ibiremwa vyayo.

ZABURI 104:33_34_35.

33.Nzokwa ndirimbira UHORAHO nkiriho,Nzokwama ndirimbira IMANA yanje ishimwe ngihumeka.

34.Ivyo niyumvira biyiryohere:nanje nzokwama nnezererwa UHORAHO.

35.Abanyavyaha ni bahone bashire mw isi :Ababi boye kubah’ukundi.Mutima wanje,himbaza UHORAHO.👏AMEN HIMBAZWA MANA👏