Muri Republika iharanaira Democratie ya Congo abanywanyi b’umugambwe UDPS bari bamaze kabiri mu mvuto bazira ko boba baratutse umukuru w’ igihugu, barekuwe.Abo banywanyi b’umugambwe utavugarumwe n’ubutegetsi bari bafatiwe mu muji wa Lumbubashi kuwa mbere, igihe baja gutegera umukuru wabo Felix Tchisekedi.
Barekuwe inyuma y’igitsure c’abaserukira ibihugu vya Bulaya, Leta zunze uBumwe za Amerika , ubu Swisse hamwe na Canada aho muri Congo Kinshasa.
Icuka kibi gikomeza gututumba kuva aho vyankiye ko perezida Kabila ava ku butegetsi inyuma y’ikiringo c’imyaka itanu yari ategekanirijwe n’amategeko, caheranye n’umwaka uheze wa 2016.
Umugwi ujejwe gutunganya amatora uherutse ku meneysha ko ata matoira ashobora kuba imbere ya 2019.
Ariko amakungu ahamagarira ico gihugugu gutangaza ikirangaminsi c’amatora gitomoye.