Uburundi buguma buta umurongo mu ngingo nyinshi zifatwa n’abategetsi.Ni ibintu bitahuritse gufata ingingo zo gukingira umutekano w’abanyagihugu. Ivyo biragirwa kw’isi yose. Mugabo iyo umutegetsi uyu canke uriya atanguye gufata ingingo aho gukingira abantu zibakandamiza aba ariko arakwega imivurungano mu karere arongoye.
Hariho ibintu kwisi yose vyama vyerekana yuko ingoma igiye guhangura. Ni igihe abantu baguma bicwa cable ubutegetsi bukabuza abenegihugu gusenga. Imana mubitabo vyose vyeranda, kuva kurupapuro rwa mbere gushika kurwanyuma, ihamagarira abantu bose gusenga. Ingingo yose rero umutegetsi afashe ibuza abantu gusenga nkizo ngingo iya 6 niyo 7 zafashwe na musitanteri wa commune Kanyosha, zibuza abantu gusengera mu miryango iwabo no kuja ku misozi miremire gusenga Imana yo mwijuru zikwegera abarundi uburake bw’Imana.
Abarundi aho bageze barakeneye kwegera Uhoraho Imana yacu gusumba uko vyahora.
-Abarundi turakeneye kugira imihana yacu ingoro z’Imana Isumba Vyose.
-Abarundi turakeneye kuja ku misozi miremire, gusemerera, kuririra Imana, kuduza amasengesho, amatazirano n’amashimwe.
-Abarundi turakeneye umwidegemvyo wo gusenga mukuri no mu Mpwemu kandi tugasengera ahantu hose Imana idutegeka kuja kuyisengera.
Ihanga ry’Imana ABISEZERANO ntawuzotuzibira gusenga Imana Isumba Vyose kuko Uhoraho Imana ya Aburahamu, Isaka na Yakobo, ikaba Se w’Umwami wacu Yesu Kristo izotuja imbere ntawuzodutangira kandi ntawuzodukurikira ngo aduhavye.