đIVY’ABAKWEGERA ABANDI KU BIGIRWAMANAđGUSUBIRA MUVYAGEZWE 13:4_17_18.
4.Ariko muze mugendanire UHORAHO IMANA yanyu,mumwubahe,mwitondere ivyagezwe vyiwe,mumwumvire, Abe ari we musaba,mwifatanye na we akaramata.
17. Muhirahire ntihaze hagire ikintu na kimwe mur’ivyo bibujijwe mukozakukuboko,kugira ng’UHORAHO abone kwigarura,areke uburake bwiwe bw’inkazi,abagirire imbabazi n’ikigongwe,abagwize nk’uko yarahiye basogokuruza banyu kwazobikora.
18.Nimwamara kwumvira ijwi ryiwe,UHORAHO IMANA yanyu ,mukitondera ivyagezwe vyiwe vyose mbagera uyu musi,mugakora ivyo UHORAHO IMANA yanyu abina kW ari ivyiza.
ZABURI 119:132_133
132.Unkebukishe,ungirire ikigongwe, nk’uk’umenyereye kukigirira abakunda izina ryawe.
133.Gumiza intambuko zanje mw ijambo ryawe;ntihagire ikigabitanyo na kimwe kinganza.đAMEN HIMBAZWA MANAđ