Mu nama idasanzwe nshikiranganji yabaye kuri uwu wa kabiri, abagize Reta y’Uburundi barabiye hamwe bongera bemeza icegeranyo c’umurwi w’igihugu ujejwe kwerekana ivyohinduka mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.
Nk’uko vyemejwe n’abagize Reta y’Uburundi, umukuru w’igihugu yotorwa n’abanyagihugu nk’uko biri. Ikiringo yotwara ntikivugwa muri ico cegeranyo c’ivyemejwe n’inama nshikiranganji, ariko hakaba hari amakuru avuga ko ikiringo c’umukuru w’igihugu cokurwa ku myaka itanu kigashirwa ku myaka indwi, agashobora kwitoza ibindi biringo bibiri gushika mu mwaka 2034.
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi aravuga ububasha bugiye guhabwa umukuru w’igihugu.
« Umukuru w’igihugu akaronswa ububasha yisangije kandi bukwiye adashobora kubogozwa kiretse iyo yahemukiye igihugu, akaba afise umushikiranganji wa mbere ariwe abazwa ivya Reta imbere y’inama nshingamateka kandi akaba ava mu mugambwe watsinze amatora. »
Umukuru w’igihugu azoba afise icegera badasangiye ubwoko n’umugambwe canke akaba ava mu bigenga.
Mu bijanye n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, uwo murwi urerekana ivyohinduka aho abemeje itegeko borenga ica kabiri c’abatoye kiretse ku mabwirizwa amwe amwe, canke ingingo zimwe zimwe uwo murwi ubona ko zokwemezwa na batatu kuri batanu batoye.
Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi rigizwe n’ingingo 307, muri izo, ingingo 77 nizo zizosubirwamwo, nshasha icenda hamwe na zitatu zikeneye gufutwa.