Afrika Yepfo: Abazungu bashize umuntu mwisandugu ari muzima baciriwe gupfungwa imyaka icumi

Abarimyi babiri bo muri Afrika y’epfo bashize umwirabure mw’isandugu ku nguvu ari muzima baciriwe gupfungwa imyaka cumi.Theo Martins na Willem Oosthuizen bagirijwe icaha mu kwezi kw’umunani co gushaka kwica no kunyuruza umuntu.

Bahoye Victor Mlotshwa guca ku butaka bwabo, baramukubita bamutegeka kwinjira mw’isangugu ry’abapfuye, banamubwira ko bashobora kumuturira ari muzima.

Urwo rubanza rwarateye agashavu muri Afrika y’epfo haba n’ubwoba ko hashobora gusubira kwaduka amacakubiri afatiye ku rukoba mu barimyi benshi.

Mlotshwa yavuze ivyamushikiye inyuma y’aho hagaragariye video y’ivyamushikiye ku rubuga rwa YouTube haciye amezi menshi ivyo bibaye.

Muri sentare abo bagabo babiri bavuze ko batari bafise intumbero yo kubabaza Mlotshwa ighe bamufata mu kwezi kw’umunani mu 2016, ko gusaba bashaka kumwihaniza. Mlotshwa yarahakanye ko ataciye ku butaka bwabo, avuga ko yari aciye mu nzira ya hagufi agiye mw’iduka atumwe na nyina wiwe.

Igihe abo bagabo babiri bariko baracibwa urubanza, umucamanza yabwiye sentare ko bigaragara ko bashaka kumwica.