Hitamwo ubuzima, koresha ururimi rwawe kuko ijambo riratanga ubuzima


*YAKOBO 4:6

_ »Ariko itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga iti: « Imana irwanya abibona, ariko abicisha bugufi ibaha ubuntu. »_

Mukundwa, uyu musi ndashaka ko umenya ko Imana igira ubuntu budasanzwe ku bana bayo. 

Ubuntu ni ingabire y’Imana ku buzima bwacu idushoboza kubaho ubuzima Imana yaduhaye muri Kristo Yesu. 

Ushaka kubaho uganje? Akira ubuntu bw’Imana muri ako karere. Ushaka kubaho utagwara? Akira ubuntu bw’Imana. N’ikindi kintu cose woba ushaka akira ubuntu. 

Uhava ubaza uti none mbega ubwo buntu babwakita gute? 
Mu murongo wacu twatanguriyeko hatubwiye ko abicisha bugufi aribo Imana iha ubuntu. 

None hoho guca bugufi bisigura iki? Guca bugufi bamwe nkuko bavyibaza si kwemera ko ibintu vyose bigushikako hama ngo isaha igeze Imana ice ibigukiza, oya namba! Ahubwo guca bugufi ni kwemera ijambo ryose ry’Imana nk’aho ariryo ryo nyene ririho. 

Mu magara meza, menya ko atayindi nkuru ikuvugwako gutyo uzoba uriko urakira ubuntu muri ako karere. 

Mukundwa, numva norangiza mvuga nti nimba ushaka kwakira ubuntu burushirije, nawe shishikara muvyo guca bugufi. 

Warahezagiwe cane!! 
*RIMBURA:*

_Abaheburayo 4:16_

_1 Yohana 5:4_

*ISENGESHO:*

Data mwiza ndagushimiye ingabire yawe wampaye kugira inshoboze kubaho ubuzima wanteguriye isi itararemwa. Menye neza ko kwemeranya nawe gusa arivyo bituma ndushiriza kubaho ubwo buzima kuko mba mpisemwo kwizera wewe gusa, urakoze Data mwiza. Amen! 

.ubuzima si ikinyegezwa, ubuzima buri mw’ijambo.