IEBC isaba abanyagihugu kwihangana igihe barindiriye ibitigiriUwurongoye akanama kajejwe amatora yasavye abakenya kwihangana mu kurindira ibitigiri vya nyuma. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru caciye kuri televiziyo, umukuru wa IEBC Wafula Chebukati yagize ati: « Twipfuza kandi gusaba dushimitse abakenya bose, abagore n’abagabo, ngo bihangane kandi batekane mu gihe ibitigiri biguma bishika. Turazi ko mwipfuza kubandanya ubuzima bwanyu, kurivyo turiko turakora tunyarutsa ngo dupfundike ano matora. »
Yavuze ko akanama karonse ivyavuye mu matora vyo mu biro 37045. Ivyo vyegeranirizo vy’amatora bitegerezwa kugereranywa n’ibindi birungikwa hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi.
Mu gihugu cose hari ibiro vy’amatora 40883, abanyagihugu 19611423 basabwa gutoreramwo.
Tubibutse yuko Hari abakenya bahungiye i Buganda mu matora
Imwe mu ma televiziyo yo mu gihugu c’u Buganda yamenyesheje ko hari abakenya benshi bahungiye mu gihugu ca Uganda inyuma y’imishamirano hamwe n’inteko z’umutekano igihe c’amatora ku munsi wa kane, niko NTV Uganda ivuga.
Iyo mbonakure ivuga ko igipolisi catanye mu mitwe n’abantu bari mu myiyerekano ku mupaka wa Busia igihe bazibiriye amabarabara, bagaturira isoko.
Ico gipolisi ngo cakoresheje ivyuka vya gazi kirasa n’amasasu y’ukuri ngo gishobore kubashwiragiza.