Ngozi : Umurwi w’abagirizwa igitero mw’ikambi y’abasirikare ku Mukoni wasubiriye kwumvirizwa

Abarengutse bose ni 18, bagizwe n’abasirikare, abaporisi hamwe n’abanyagihugu barimwo abasubijwe mu buzima busanzwe, bakaba bagirizwa igitero cabaye mw’ikambi y’abasirikare mu kwezi kwa mbere umwaka wa 2017.
Abagirizwa basavye ko umushikirizamanza atosasa muri urwo rubanza kuko igihe bafatwa mu ntara ya Muyinga uwo mushikirizamanza ariwe yatwara urwego rw’igendereza mu ntara ya Muyinga, akaba kandi ari mu bababaza.

Yisigura ku vyashikirijwe n’abagirizwa, umushikirizamanza yavuze ko atari vyo ahubwo ari uburyo bwo kugira bacuvye sentare, no guha iyindi ntumbero urubanza.

Bitegekanijwe ko sentare isubiramwo imanza mu ntara ya Ngozi izovuga uko urubanza rubandanya kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo 2017.

Ico gitero cakozwe mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 24 Nzero 2017.