Nimwakire Ijambo ry’Imana: Ibiremesha abubaha Imana.

🌈IBIREMESHA ABUBAHA IMANA🌈YESAYA 41:9_10_11_12_13.

9.wewe uwo natoye,nkagukura ku mpera z’isi,nkaguhamagara ng’uve ku mfuruka zayo,nkakubwira,nt’ur’umusavyi wanje,naragutoranije sinagutaye,

10.ntutinye,kuko ndi kumwe nawe;ntukihebure,kuko nd’ IMANA yawe:nzogukomeza, nzogutabara,mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.

11.Eh’abakurakiye bose bazoteterwa bamaramare:abagutonganya bazocika ubusa,baranduke.

12.Abaguhaririza uzobarondera ubabure,kand’abakurwanya bazocika ubusa bakamangane.

13.Kuko jewe UHORAHO IMANA yawe nzogufata. Ukuboko kw’i buryo,nkubwire,nti ntutinye,,ndagutabara.

ZABURI 18:35_36.

35.Kandi wampaye inkinzo,ni yo gakiza kawe.

Ukuboko kwawe kw’i buryo kurandamira,ukwicisha bugufi kwawe kwanshize hejuru.

36.Intambuko zanje wazaguriye inzira ibirenge vyanje ntivyanyereye.👏AMEN HIMBAZWA YESU👏