Mu gisagara ca Bujumbura, abanyagihugu isinzi bari kumwe n’abategetsi batandukanye b’Uburundi bagizwe n’umuhuza Edouard NDUWIMANA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA, umushikiranganji w’ubutugane, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, umushikiranganji w’ugutwara abantu n’ibintu, hamwe n’umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.
Mu kibanza citiriwe ukwikukira, Therence NTAHIRAJA umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi igiye kubandanya gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu cose, hamwe n’ugukomeza ubutungane bwigenga.
« Ntibisigura ko tugiye gusasira indava ivyaha mu gihugu cacu. Reta y’Uburundi igiye gushishikara gukomeza umugambi w’ukwubahiriza agateka ka zina muntu. Ivyo babigize urwitwazo kubera ingwano yabananiye, coup d’Etat yabananiye, bati reka turementanye ko bahohotera abanyagihugu, turabe ko ya Sentare yokora. »
Therence NTAHIRAJA yamenyesheje kandi ko Reta yiyemeje kurwanya uwariwe wese yohirahira agashaka guhungabanya umutekano w’Uburundi.