Somalia: mu Mogadishu, umugwa mukruu wa Somalia hasubiriye kubera ubwicanyi

Mu muji wa Mogadishu muri Somalia humvikanye ibintu bibiri biturika nk’ ibisasu, ica mbere giturutse ku modokari yinjijwe mu kibanza c’ihoteri, ikindi gisasu cumvikana inyuma gatoyi y’aho ahandi hahora hari ingoro y’inama nshingamateka.Major Abdullahi Aden yabwiye ikigo c’itangazamakuru Reuters ko abarwanyi baciye binjira giturumbuka muri iyo hoteri, ico gisasu kimaze guturika.

Igitigiri c’abo cahitanye nticari bwamenyekane, ariko umunyamakuru wa BBC ari Nairobi aravuga ko yaronse amakuru ko hari abagera kuri 3 bamaze kumenyekana ko bitavye Imana, nayo amakuru aturuka mu gipolisi avuga ko abahasize ubuzima ari indwi, harimwo abasirikare n’abanyagihugu basanzwe.

Mu muji wa Mogadishu muri Somalia humvikanye ibintu bibiri biturika nk’ ibisasu, ica mbere giturutse ku modokari yinjijwe mu kibanza c’ihoteri, ikindi gisasu cumvikana inyuma gatoyi y’aho ahandi hahora hari ingoro y’inama nshingamateka.
Major Abdullahi Aden yabwiye ikigo c’itangazamakuru Reuters ko abarwanyi baciye binjira giturumbuka muiro iyo hoteri, ico gisasu kimaze guturika.

Igitigiri c’abo cahitanye nticari bwamenyekane, ariko umunyamakuru wa BBC ari Nairobi aravuga ko yaronse amakuru ko hari abagera kuri 3 bamaze kumenyekana ko bitavye Imana, nayo amakuru aturuka mu gipolisi avuga ko abahasize ubuzima ari indwi, harimwo abasirikare n’abanyagihugu basanzwe.

Kimwe mu bibanza bibiri vyaturitsemwo ibisasu muri Mogadishu

Abatwara imodokari za rusehabaniha baremeza ko bamaze gushikana kwa muganga abandi 17 bakomeretse.

Major Aden amenyesha ko imodoakri yabanje kwinjira ku marembo y’iyo hoteri imbere yo kwumva igiturika.

Yavuze ko iyo hoteri ikunze kugenderwa n’abantu benshi cane barimwo indongozi abanyamategeko, abasirikare n’abanyagihugu basanzwe.

Mogadishu yari ikiri mu kababaro k’ikindi gitero c’ibisasu bibiri vyahitanye abantu bagera ku 358, abandi 56 bakaba batarameneyakana irengero.

Kugeza ubu nta muntu n’umwe aremanga uruhara rw’ico gitero co kuwa 14 z’uku, ariko leta yoyo iravuga ko cagabwe n’umutwe wa Al Shabaab.

Ariko uwo mugwi ubwawo wemeza ko ata ruhara ufise muri ico gitero.