Abantu baharugwa mu bihumbi bahuriye mu muji wa Barcelona mu myiyerekano yo kubumbatira ubumwe, inyuma y’aho intara ya Catalogne itangarije ko yigenga.Iyo myiyerekano ishigikiwe n’imigambwe ikomakomeye ku rwego rw’igihugu.
Leta ya Espagne imenyesha ko ubu yamaze gufata mu minwe ubutegetsi bw’intara ya Catalogne, inyuma yo kwirukana abayobozi bayo no guhamagaza ayandi matora.
Ariko abashaka ukwiyonkora kwa Catalogne bavuga ko umuyobozi w’iyo ntara Carles Puigdemont, ariwe ayitegeka.
Yahamagariye abamuyoboka guhangara ico yise umuzo wa leta ya Madrid.
Iki kibazo ca politike gishobora no kwibonekeza mu nkino, mu gihe kuri uyu w’Imana umugwi wa Real Madrid, ari nawo ufise igikombe c’igihugu, uja muri Catalogne guhura na Gerona, umugwi ushigikiwe na bwana Puigemont.