Ibanga rinyegejwe inyuma y’imihari ivuka nkibizinu mugabo abarundi bakaguma mu maganya n’amagorwa. (Icegeranyo twakuye mukiganiro cakozwe na Dr Merlin Dusengumuremyi)
Mu Burundi haguma havuka imihari yitwa yuko irwanya Leta ihari mugabo bamwe babigize urudandazwa, abandi ni abakozi b’iperereza bakwiragiza inzandiko. Abafise ishaka ryuko ibintu vyohinduka nabo bazinzwe n’ubukene, ukubura ideologie y’ukuri hamwe no kurwanywa n’abobashigikiye.
Ni mwibuke imigwi imaze kwitangaza n’iyimaze gutangazwa ngo yafashe imiheto. Bose bavuga ngo bagwanya ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza bakadondagura ibibi yabakoreye bakageza ngaho ntibavuge ubutegetsi boca bashiraho canke ngo berekane intumbero nyakuri bafise.
Petero Nkurunziza ni umukuru w’igihugu amaze imyaka ku butegetsi, afise amahera, akaba afise ingabo zimuyoboka mbere n’inyuma yiwe hakaba hari abarundi batari bake bamushigikiye.
Umuntu nkuyo rero naho yoba mubi gute, akihagira ubutegetsi, ntushobora kumurwanishi imihora ngurukana bumenyi nka WhatsApp, Facebook, tweeter, website ngo umutsinde. Aho niho abantu benshi bihendera. Ahubwo kubera yamenye yuko urwo arirwo rubuga rw’intambara rw’abatari bake, ahubwo aca abatiza umurindi. Akabafasha mubuzimire bwabo.
Abandi bitwa ngo baraciye akenge, bakora ngo amahuriro ry’imihari n’imigambwe bamwe bakandika amatangazo y’intambara mu ndimi zitandukanye, abandi bagasaba abakuru b’ibihugu vyo mukarere, muri africa no m’ubumwe bwa bulaya ngo ni birukane Petero Nkurunziza nkuko birukanye naka na naka. Ivyo bikerekana neza yuko abarundi benshi bahajije kumenya ingene botorera umuti ibibazo bafise. Muribaza yuko umunyamahanga azoza gusesa amaraso yiwe mu Burundi ngo aguhe igihugu!
-Ibuke namwe amatangazo amaze kwandikwa kuva kera muri 2010
-Ibuke namwe incuro abanya politike bamaze guhura bakora inkinamico z’ibiganiro.
-Ibuke namwe imihari imaze kuvuka imwe ikica kandi ikicisha abantu bayiyoboka.
-Ibuke abana b’uburundi baguye mu ntambara ya FNL, ya CNDD-FDD, n’abasirikare ba leta. Uravye ibiharuro, amazina n’imyaka y’abamaze guhitanwa n’intambara mugabo vyose bikaba vyabaye impfabusa birababaje.
– Ibuke amazina y’ibihangange vy’intambara n’amatangazo bagize nka:
1. Rwasa Agathon
2. Niyombare Godefroid
3. Sinduhije Alexis
4. Radjabu Hussein
5. Minani Jean
6. Minani Jeremy
7. Cimpaye Pancrace
9. Mugabarabona Alain
10. Ndayikengurukiye Jean Bosco
11. Rufyikiri Isidore
12. Nibizi Isidore
13. Nzabampema Aloise
14. Nyambariza Didier
15. Ciramunda Richard
16. Manirakiza Celestin
18. Hatungimana Leonidas
19. Minani Daniel
20. Joseph Kalumba
21. Nyangoma Leonard … n’abandi benshi tutodondagura ngaha bakoze, banditse, bavuze amatangazo menshi y’urusobe.
Ikibazo umuntu yokwibaza ni iki: Uworaba ico bamaze gushikako, akaraba uburyo bw’amafaranga, umwanya, abantu bashikirana n’ibindi… ubwo uko iyaba uko babivuga bafise intumbero imwe ntibaba bamaze gushika kuco bipfuza? Ngejeje aho. Twarashoboye kwegeranya amatangazo yose yanditswe agategwako igikumu nabo tudondaguye aho haruguru, ni nkigitabo abuzukuru n’abuzukuruza bazosoma bagatangara kubona turirimba ubutwari tudafise tukakezerezwa n’ibintu ataco bimaze aho kurengera ibidutandukanya, inyungu zacu kugira twubake igihugu c’amata n’ubuki.
Mu gihe gito cane turetse yuko habayeho za Uprona nyishi, za FNL nyinshi, UPD nyishi, FOREBU nyinshi…havutse imihari yurudavagi imwe ivukira ku mpapuro igaherera aho nyene, iyindi ivuka igashwara mubanyagihugu mugabo ikagenda amazimayongo.
Hariho n’imihari yavutse igakora inzego mugabo idafise urufatiro, ivyiyumviro, ideologie ishobora gushikana abarundi ku mahoro ya bose. Maze ikishimira inkota, kurasa no kwica n’umunezero wayo ukaba uyo. Muri ico gihe ntiruba rubaye urugamba kuba kubaye ukwica no kwiyahura.
Mwokwibaza igituma havuze mugihe gito imihari nka:
1. FOREBU (3)
2. MORENO
3. MALIBU
4. RED TABARA
5. FPB
6. BDLF-Abisezerano
7. PMR
8. MITHEBU
9. APB
10. UPR
11. CNARED
12. FNL (6)
13. MPR
14. PPD- Girijambo
15. MOPAP n’iyindi myinshi.
Mubisanzwe igituma havuka imirwi n’imihari myinshi n’uko hariho ibibi vyakozwe kandi nubu bigikorwa vyo kugwanywa, hakaba hariho n’ivyiza bishobora kugwanigwa, mugabo rero hakabura imbono, intumbero n’ubuhinga bwo kubigwanira. Haca haba ubusimbirahamwe n’ubufumbidumbi. Hariho rero n’injavyi zibwira ngo zirashoboye, zikarendekeranya utuntu ku mpapuro no kuri za Facebook na tweeter kugira babe barinezereza. Intumbero yabo ni ukwinezereza mutujambo, mu gukokeza no gusamaza abantu. Banezerererwa ivyo gusa. Ni nkakagwara.
Akarorero ni nkumugwi umwe muri iyo wanditse amatangazo ugashirako ibikumu ngo usavye abanyagihugu bose bo mugisagara ca bujumbura ngo bahungire mu misozi ngo abaserukira ibihugu vyabo nabo batahe. Ugasubira ukandikira abakuru b’ibihugu ngo nibirukane Petero Nkurunziza nkuko bagize uwa Gambiya, ibintu nkivyo. Abantu nkabo iyo basohoye udutangazo nkutwo bumva yuko urugamba barurembeje. Ndababariye uburundi buratunze!
Nkuko twabivize aho haruguru inzandiko, imihari yo kuri Facebook na whatsapp nishobora kwirukana n’insazi imwe nkaswe umuntu, umukuru w’igihugu afise, abamukunda, ingabo zimuyoboka nivyo abaha.
Erega amajambo menshi naho yoba angana gute ntiyicira igiti canke ngo aterure ibuye.
Ivyabaye muri libiya canke muri Gambia ntibishobora kubera akarorero abashaka guhindura intwaro canke ngo bashikire ubutegetsi kuko « iminsi yose si kuwa mungu »
Abarundi dukwiriye kwiga kuvuga ukuri, tukareka kubona ibintu dukoresheje amatarubindi y’inyugu zacu bwite ( amaronko, ubwoko, imigambwe, amadini…) mugabo tugashira inyungu z’igihugu cose imbere ni naho tuzomenya ukuri twokoresha kugira ngo twiganzure ubuja bw’intwaro mbi zagiye zirakurikirana. Ni igitutse ku barundi isinzi kwama abenegihugu bayerera mu mihari n’imigambwe itagira iyo ishira. Ni ugutukisha abacu batwawe ubuzima kuva 1963, 1965, 1972, 1988, 1991, 1993, …gushika uyu munsi. Abarundi twese baba abari kubutegetsi ba ababurwanya, turakwiriye kwikubita agashi tugasubiza iteka uburundi bwa ba sokuru maze urunganwe rwacu, abo tuvyaye n’abuzukuru bakazokurira mu Burundi buzira akarenganyo, buzira umutekano muke , buzira ubukene kuri bose.
Burya akarimi kavuga Inagore karagororoka. Gutunga agatoke abandi no kubanebagura biroroshe cane, ariko kwirabishako ako agatoke ngo wisuzume bikagora benshi.
ego muradondaguye amakosa n’ububegito vy’abandi, kandi murahanuye Abarundi kwikubita agashi. None ico mwongeye ku bihasanzwe ni igiki?
Mwebwe mwiyita Ab’isezerano muharuye imyaka n’iyindi mumaze, ko mwabayeho imyaka myinshi imbere y’abo bose mwadondaguye, ico mwashitseko cobaha agaciro mu maso y’abandi, canke cotuma abantu babizera kuruta abo mwanebaguye, ni igiki?
Wa muririmvyi ati « bakora ikibi boose, …, na wewe usa n’abanyu », mweese muri kimwe, ba mwemera akabi murakuze!
J’aimeJ’aime
Murakoze ku mbono yanyu.
J’aimeJ’aime